Luka
23 Nuko abo bantu indiri bava hasi bose uko bangana, bamujana kwa Pilato+. 2 Maze batangura kumwagiriza+ bati: “Uyu mugabo twamusanze ariko adurumbanya+ ihanga ryacu yongera abuza kuriha amakori+ Sezari, kandi avuga yuko we ubwiwe ari Kristu, umwami+.” 3 Pilato rero amubaza iki kibazo ati: “Wewe uri umwami w’Abayuda?” Amwishura ati: “Wewe ubwawe urabivuze+.” 4 Maze Pilato abwira abakuru b’abaherezi n’amasinzi ati: “Nta caha mbona muri uyu muntu+.” 5 Mugabo barashimika bati: “Agumura abantu mu kwigisha i Yudaya hose, kuva i Galilaya gushika n’ino hose.” 6 Pilato ngo avyumve, abaza ko uwo muntu yoba ari Umunyagalilaya, 7 hanyuma amaze kumenya neza ko yava mu karere Herodi atwara+, amurungika kwa Herodi, uno na we nyene akaba yari i Yeruzalemu muri iyo misi.
8 Herodi abonye Yezu aranezerwa rwose, kuko yari amaze igihe kitari gito ashaka kumubona+ kubera ko yari yarumvise+ ivyiwe, akaba yari yizigiye kubona ikimenyetso akoze. 9 Atangura rero kumubaza amajambo menshimenshi; mugabo nta nyishu yamuhaye+. 10 Ariko abakuru b’abaherezi n’abanditsi baguma bahagaze, bamwagiriza babambawe+. 11 Maze Herodi ari kumwe n’abasoda bamucungira ubuzima aramukengera+, aramushinyaguriza+ mu kumwambika impuzu yakaka, aca amusubiza kwa Pilato. 12 Herodi na Pilato+ baca bacika abagenzi kuri uwo musi nyene; kuko imbere y’aho bahora bankana.
13 Maze Pilato akoranya abakuru b’abaherezi n’abatware be n’abantu, 14 ababwira ati: “Mwanzaniye uyu muntu ngo atera abantu umugararizo, nanje ehe namusambishirije imbere yanyu mugabo nta shingiro+ na rimwe nabonye muri we ry’ibirego mumurega. 15 Nkako, na Herodi ni ukwo, kuko yamudusubije; kandi ehe nta kintu na kimwe gikwiriye kumwicisha+ yakoze. 16 Ndamuhana+ rero hanyuma ndamurekure.” 17* —— 18 Mugabo bari kumwe na ba bantu indiri babo bose barasemerera bati: “Kuraho uyo+, ariko uturekurire Baraba+!” 19 (Uyo ni uwari yatawe mw’ibohero kubera ubugumutsi kanaka bwari bwabaye mu gisagara be no kubera ubwicanyi.) 20 Pilato yongera kubatera akamo, kubera ko yashaka kurekura Yezu+. 21 Maze batangura kuvuza induru bati: “Manika! Mumanike+!” 22 Ubugira gatatu ababwira ati: “Mbega yemwe, none ikibi uyu yakoze ni igiki? Nta kintu na kimwe namubonyemwo gikwiriye kumwicisha; ndamuhana rero hanyuma ndamurekure+.” 23 Kuri ivyo batangura guhutagiza, n’amajwi arenga, basaba ko amanikwa; hanyuma amajwi yabo atangura gutsinda+. 24 Nuko Pilato ashinga yuko ivyo basavye bishitswa+: 25 arekura+ wa muntu yari yatawe mw’ibohero kubera ubugumutsi n’ubwicanyi, ari na we bariko barasaba, mugabo atanga Yezu ngo bamugire uko bagomba+.
26 Bamujanye, bafata Simoni imvukira y’i Sireni yari aje ava mu gihugu hagati, hanyuma bamuremeka ca giti co kubabarizwako ngo agende acikoreye inyuma ya Yezu+. 27 Mugabo yari akurikiwe n’abantu indiri n’indiri bo muri ico gisata n’abagore indiri n’indiri baguma bikubitagura ku gikiriza kubera intuntu bongera bamuborogera. 28 Yezu arahindukira araba ba bagore, avuga ati: “Bakobwa ba Yeruzalemu, nimureke kundirira. Ahubwo nimwiririre muririre n’abana banyu+; 29 kuko ehe imisi iriko iraza aho bazovuga bati: ‘Hahiriwe abagore b’ingumba, n’inda zitavyaye be n’amabere atonkeje+!’ 30 Ni ho bazotangura kubwira imisozi bati: ‘Nimutugweko!’, n’imirambi bati: ‘Nimudupfuke+!’ 31 Kuko nimba bakora ivyo igiti ari kibisi, bizogenda gute nicuma+?”
32 Mugabo abandi bantu babiri b’inkozi z’ikibi, na bo nyene bari bajanywe kwicanwa na we+. 33 Bageze ahantu hitwa Gahanga+, bamumanikaho na za nkozi z’ikibi, imwe iburyo bwiwe, iyindi ibubamfu bwiwe+. 34 [[Mugabo Yezu yariko avuga ati: “Data, bababarire+, kuko batazi ico bariko barakora.”]] Vyongeye, mu kugabura ivyambarwa vyiwe, bagira ubupfindo+. 35 Abantu na bo bari bahagaze bitegereza+. Mugabo abatware baguma bishinyira, bavuga ngo: “Abandi yarabakijije; niyikize+, nimba uyo ari we Kristu w’Imana, Uwatowe+.” 36 Mbere n’abasoda baramushinyaguriza+, bakegera bamuha umuvinyu ukarishe+ 37 bongera bavuga ngo: “Nimba uri umwami w’Abayuda, niwikize.” 38 Hariho kandi icandiko hejuru yiwe kivuga ngo: “Uyu ni umwami w’Abayuda+.”
39 Mugabo umwe muri za nkozi z’ikibi zimanitswe atangura kumubwira amutuka+ ngo: “None nturi Kristu? Ikize udukize natwe.” 40 Uwundi amwishura amuhambarira ati: “Mbega wewe ntutinya Imana na gatoyi, kandi waciriwe urubanza nk’urwiwe+? 41 Tweho koko ntiturenganijwe, kuko turiko turonka ivyo dukwiriye vyose ku bw’ivyo twakoze; mugabo uyu we nta kintu na kimwe kitabereye yakoze+.” 42 Abandanya kuvuga ati: “Yezu, urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe+.” 43 Na we amubwira ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje+ muri Paradizo+.”
44 Ico gihe rero hari nko kw’isaha ya gatandatu, yamara rero umwiza utwikira isi yose gushika kw’isaha y’icenda+, 45 kubera ko umuco w’izuba wazimanganye; maze irido+ ry’aheranda ritantamukira hagati na hagati+. 46 Hanyuma Yezu arahamagara n’ijwi rirenga, ati: “Data, mu maboko yawe ni ho nshize impwemu yanje+.” Amaze kuvuga ivyo, aracikana+. 47 Intwazangabo ngo ibone ibibaye, itangura kuninahaza Imana, ivuga iti: “Vy’ukuri uyu muntu yari umugororotsi+.” 48 Maze amasinzi yose yari akoraniye ng’aho ku bw’ico kintu ngo abone ibibaye, atangura guhindukira, yikubitagura ku gikiriza. 49 Vyongeye, abari bazinanyi na we bose bari bahagaze nka hariya+. N’abagore bari bamukurikiye bari kumwe kuva i Galilaya, bari bahagaze bitegereza ivyo bintu+.
50 Maze hari umugabo yitwa Yozefu, akaba yari uwo mu Nama Nkuru, umuntu mwiza kandi w’umugororotsi+— 51 uyo mugabo ntiyari yatoye ashigikira umugambi wabo n’igikorwa cabo+—yari uw’i Arimateya, igisagara c’Abanyayudaya, akaba yari arindiriye ubwami bw’Imana+; 52 uyo mugabo aja kwa Pilato, asaba ikiziga ca Yezu+. 53 Nuko arakimanura+ akizingira mu mpuzu y’ilino nziza, araheza amushira mu mva+ ikorogoshowe mu gitandara, iyo ata muntu n’umwe yari bwashirwemwo+. 54 Ico gihe wari umusi w’Umwiteguro+, umuco w’akagoroba wo kw’isabato+ ukaba wariko uregereza. 55 Mugabo ba bagore bari bavanye na we i Galilaya barakurikira, bitegereza nya mva+ n’ingene ikiziga ciwe caryamitswe+; 56 hanyuma basubira inyuma gutegura ibimota be n’amavuta amota neza+. Mugabo birumvikana ko baruhutse kw’isabato+ nk’uko ibwirizwa ryari.