Itanguriro 42:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Batangura kubwirana bati: “Ni ukuri turi n’ikitwagira ku bijanye na mwene wacu+, kuko twabonye amarushwa yiwe igihe yatakamba asaba ngo tumwumvire impuhwe, ariko ntitwumvirize. Ni co gituma aya marushwa adushikiye+.” Zaburi 37:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Reka ishavu, uhebe ubushangashirwe+;Nturungure kugira gusa ngo ukore ikibi+. Yeremiya 22:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nimushitse ubutungane n’ubugororotsi, kandi murokore uwamburwa mumukure mu kuboko kw’uwugunga; ntimufate nabi kavamahanga, impfuvyi* canke umupfakazi+. Ntimubagirire ivy’ubukazi+. Ntimusese aha hantu amaraso y’intungane+.
21 Batangura kubwirana bati: “Ni ukuri turi n’ikitwagira ku bijanye na mwene wacu+, kuko twabonye amarushwa yiwe igihe yatakamba asaba ngo tumwumvire impuhwe, ariko ntitwumvirize. Ni co gituma aya marushwa adushikiye+.”
3 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Nimushitse ubutungane n’ubugororotsi, kandi murokore uwamburwa mumukure mu kuboko kw’uwugunga; ntimufate nabi kavamahanga, impfuvyi* canke umupfakazi+. Ntimubagirire ivy’ubukazi+. Ntimusese aha hantu amaraso y’intungane+.