1 Abami 3:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Nuko wa mugore nyene uwo mwana muzima, abwira umwami (kuko yari agiriye ikigumbagumba+ umwana wiwe+, ku buryo avuga) ati: “Ntunga+ mukama wanje, nimumuhe uwo mwana muzima. Eka ntimumwice.” Muri ico gihe cose, wa mugore wundi yariko avuga ati: “Ntaba uwawe canke uwanje. Himbure+!” Abafilipi 1:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Kuko Imana ari yo cabona canje c’ingene ndabakumbuye mwese ku buryo ndabumvira ikibabarwe+ nk’ico Kristu Yezu afise. Abakolosayi 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nuko rero, nk’abatowe n’Imana+, beranda kandi bakundwa, nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe+, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+, ubwitonzi+, n’ukwiyumanganya+.
26 Nuko wa mugore nyene uwo mwana muzima, abwira umwami (kuko yari agiriye ikigumbagumba+ umwana wiwe+, ku buryo avuga) ati: “Ntunga+ mukama wanje, nimumuhe uwo mwana muzima. Eka ntimumwice.” Muri ico gihe cose, wa mugore wundi yariko avuga ati: “Ntaba uwawe canke uwanje. Himbure+!”
8 Kuko Imana ari yo cabona canje c’ingene ndabakumbuye mwese ku buryo ndabumvira ikibabarwe+ nk’ico Kristu Yezu afise.
12 Nuko rero, nk’abatowe n’Imana+, beranda kandi bakundwa, nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe+, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi+, ubwitonzi+, n’ukwiyumanganya+.