42 Imana ya dawe+, Imana ya Aburahamu ikaba n’Imana Izahaki+ yatinya, iyo itaba yarabaye ku ruhande rwanje, ubu wari kuba undungitse iminwe misa. Imana yarabonye uburushwa bwanje n’ubucumukure bw’ibiganza vyanje, ikaba rero yagukangiriye mw’ijoro ryakeye+.”