Itanguriro 16:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Maze umumarayika wa Yehova amubwira ati: “Nzogwiza cane uruvyaro* rwawe+, ku buryo rutazoharurwa kubera ubwinshi+.” Itanguriro 17:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Mugabo ku vyerekeye Ishimayeli, nakwumvise. Ehe nzomuhezagira, ntume arondoka nongere ndamugwize cane rwose+. Emwe, azovamwo abakuru cumi na babiri, kandi nzomugira ihanga rikomeye+. Itanguriro 25:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Kandi aka ni ko kahise ka Ishimayeli+ mwene Aburahamu, uwo Hagari Umunyamisirikazi, wa musukukazi wa Sara, yavyariye Aburahamu+.
10 Maze umumarayika wa Yehova amubwira ati: “Nzogwiza cane uruvyaro* rwawe+, ku buryo rutazoharurwa kubera ubwinshi+.”
20 Mugabo ku vyerekeye Ishimayeli, nakwumvise. Ehe nzomuhezagira, ntume arondoka nongere ndamugwize cane rwose+. Emwe, azovamwo abakuru cumi na babiri, kandi nzomugira ihanga rikomeye+.
12 Kandi aka ni ko kahise ka Ishimayeli+ mwene Aburahamu, uwo Hagari Umunyamisirikazi, wa musukukazi wa Sara, yavyariye Aburahamu+.