Zaburi 25:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Numenyeshe inzira zawe, ewe Yehova+;Nyigisha iminyuro yawe+. Zaburi 27:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Nyigisha inzira yawe, Yehova we+,Unyobore mu munyuro w’ukugororoka, kubera abansi banje. Zaburi 86:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Nyigisha inzira yawe, ewe Yehova+!Nzogendera mu kuri kwawe+.Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe+. Zaburi 119:33 Bibiliya y’isi nshasha 33 Nunyigishe, ewe Yehova, inzira y’ingingo nyobozi zawe+,Kugira ndayubahirize gushika kw’iherezo+. Yesaya 30:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kandi amatwi yawe azokwumva ijambo inyuma yawe rivuga ngo: “Iyi ni yo nzira+. Nimuyigenderemwo,” nimwaramuka mugiye iburyo canke ibubamfu+.
11 Nyigisha inzira yawe, ewe Yehova+!Nzogendera mu kuri kwawe+.Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe+.
21 Kandi amatwi yawe azokwumva ijambo inyuma yawe rivuga ngo: “Iyi ni yo nzira+. Nimuyigenderemwo,” nimwaramuka mugiye iburyo canke ibubamfu+.