24 Nuko yirukana nya muntu maze ashira mu buseruko bw’uwo murima wa Edeni+ abakerubi*+ be n’icuma c’inkota caka urubeya caguma cizunguriza, ku bwo kurinda inzira ija kuri ca giti c’ubuzima.
20 Nya bakerubi bategerezwa kuba bashanje amababa yabo araba hejuru, bakingīrije umurumyo amababa yabo, mu maso habo harabana+. Mu maso ha nya bakerubi hakwiye kuba haraba ku murumyo.
5 mugabo hejuru yayo hari ba bakerubi*+ b’ubuninahazwa batwikiriza igitutu umurumyo w’impongano+. Mugabo ubu si co gihe co kuvuga ido n’ido ivy’ivyo bintu.