Itanguriro 15:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nuko atangura kubwira Aburamu ati: “Umenye neza yuko uruvyaro rwawe ruzocika kavamahanga mu gihugu kitari icabo+, kandi bazobwirizwa gukorera abantu baho, kandi bano bazobateza amarushwa imyaka amajana ane+. Kuvayo 3:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nuko Yehova yongerako ati: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo+. Guharura 20:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ba data baramanutse mu Misiri+, hanyuma tubandanya kuba mu Misiri imisi myinshi+; maze Abanyamisiri batangura kutugirira nabi twe na ba data+. Gusubira mu vyagezwe 26:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Maze Abanyamisiri batangura kudufata nabi no kuducumukuza no kuturemereza ubushumba buruhije+. Ivyakozwe 7:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Nabonye vy’ukuri akarenganyo abantu banje bari mu Misiri bagirirwa+, kandi numvise ukuniha kwabo+, nkaba manutse kubarokora+. None rero nuze, ngutume mu Misiri+.’
13 Nuko atangura kubwira Aburamu ati: “Umenye neza yuko uruvyaro rwawe ruzocika kavamahanga mu gihugu kitari icabo+, kandi bazobwirizwa gukorera abantu baho, kandi bano bazobateza amarushwa imyaka amajana ane+.
7 Nuko Yehova yongerako ati: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo+.
15 Ba data baramanutse mu Misiri+, hanyuma tubandanya kuba mu Misiri imisi myinshi+; maze Abanyamisiri batangura kutugirira nabi twe na ba data+.
34 Nabonye vy’ukuri akarenganyo abantu banje bari mu Misiri bagirirwa+, kandi numvise ukuniha kwabo+, nkaba manutse kubarokora+. None rero nuze, ngutume mu Misiri+.’