Itanguriro 41:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Abona n’amahundo indwi y’intete, yonze kandi yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko+, ariko akura mu nyuma zayo+. Kuvayo 14:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Musa aca aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga+. Maze Yehova atangura gutuma ikiyaga gisubira inyuma akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko ijoro ryose, igicokwe c’ikiyaga agihindura isi yumutse+, amazi na yo arigabura+. Zaburi 78:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Itangura gutuma umuyaga wo mu buseruko waduka mu majuru+,No gutuma umuyaga wo mu bumanuko uhuhuta biciye ku nkomezi zayo+. Yona 4:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Maze izuba ryatse, Imana irungika kandi umuyaga wo mu buseruko uturira+; izuba riguma rinaga Yona mu mutwe, bituma amera nk’uwugira arabe+; aguma yisabira gupfa, akaguma avuga ati: “Gupfa vyondutira kubaho+.”
6 Abona n’amahundo indwi y’intete, yonze kandi yababuwe n’umuyaga wo mu buseruko+, ariko akura mu nyuma zayo+.
21 Musa aca aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga+. Maze Yehova atangura gutuma ikiyaga gisubira inyuma akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko ijoro ryose, igicokwe c’ikiyaga agihindura isi yumutse+, amazi na yo arigabura+.
26 Itangura gutuma umuyaga wo mu buseruko waduka mu majuru+,No gutuma umuyaga wo mu bumanuko uhuhuta biciye ku nkomezi zayo+.
8 Maze izuba ryatse, Imana irungika kandi umuyaga wo mu buseruko uturira+; izuba riguma rinaga Yona mu mutwe, bituma amera nk’uwugira arabe+; aguma yisabira gupfa, akaguma avuga ati: “Gupfa vyondutira kubaho+.”