10 Nuko bene Isirayeli babandanya gukambika i Gilugali; bahimbaza pasika* ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi+, ku mugoroba, mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko.
20 Kubera ko abaherezi n’Abalewi bari bihumanuye+ uko ari umugwi, bose bari abadahumanye; nuko bakerera imbagwa ya pasika+ ku bw’abahora ari inyagano bose no ku bwa bene wabo abaherezi no ku bwabo.