Itanguriro 19:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Mugabo arabagobera cane+, ku buryo bakebereza iwe bakinjira mu nzu yiwe. Maze abaronderera inzimano+, yongera abokereza udutsima tutarimwo umwambiro+, batangura kurya. Itanguriro 24:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Aca avuga ati: “Ingo, wewe uwahezagiwe na Yehova+. Kubera iki uguma uhagaze aha hanze kandi jewe nateguye inzu n’ikibanza c’ingamiya?” Yobu 31:32 Bibiliya y’isi nshasha 32 Nta kavamahanga yarara hanze+;Imiryango yanje naguma ndayugururiye abahita. Abaroma 12:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Musangire n’aberanda nk’uko ivyo bakeneye biri+. Mukurikire inzira y’ubwakiranyi+. Abaheburayo 13:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ntimwibagire ubwakiranyi+, kuko bwatumye bamwe baha indaro abamarayika batabizi+.
3 Mugabo arabagobera cane+, ku buryo bakebereza iwe bakinjira mu nzu yiwe. Maze abaronderera inzimano+, yongera abokereza udutsima tutarimwo umwambiro+, batangura kurya.
31 Aca avuga ati: “Ingo, wewe uwahezagiwe na Yehova+. Kubera iki uguma uhagaze aha hanze kandi jewe nateguye inzu n’ikibanza c’ingamiya?”