Kuvayo 3:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Nuko Yehova yongerako ati: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo+. 1 Abami 8:51 Bibiliya y’isi nshasha 51 (kuko ari abantu bawe n’intoranwa yawe+ wakuye mu Misiri+, mw’itanure rishongesha ivyuma+), Nehemiya 9:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “Warabonye+ rero amarushwa ya ba sogokuruza bacu mu Misiri, wumva n’amaborogo yabo ku kiyaga Gitukura+. Zaburi 107:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Batangura gutaka Yehova ngo abatabare mu marushwa yabo+;Abakiza amaganya barimwo nk’uko yama+.
7 Nuko Yehova yongerako ati: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo+.
9 “Warabonye+ rero amarushwa ya ba sogokuruza bacu mu Misiri, wumva n’amaborogo yabo ku kiyaga Gitukura+.