Itanguriro 20:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Aburahamu na we avuga ati: “Ni uko nibwiye nti: ‘Ni ukuri nta gutinya Imana kuri aha hantu+, kandi ntibazobura kunyica kubera umugore wanje+.’ Itanguriro 22:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Abandanya ati: “Ntubangurire ukuboko uwo muhungu, kandi ntihagire ico umugira+, kuko ubu menye vy’ukuri yuko utinya Imana, kuko utanyimye umuhungu wawe, umwana wawe rudende+.” Abalewi 25:43 Bibiliya y’isi nshasha 43 Ntuze umukandamize n’agahahazo+; utegerezwa gutinya Imana yawe+. 1 Samweli 12:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Gusa mutinye+ Yehova, kandi mumukorere mu kuri, n’umutima wanyu wose+; kuko raba ibintu bikomeye yabakoreye+. Nehemiya 5:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nongera mvuga nti: “Ico kintu muriko murakora si ciza+. Mbega ntimukwiye kugendera mu gutinya+ Imana yacu+ kubera iceyi+ c’amahanga, ari bo bansi bacu+? Imigani 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubumenyi+. Ibipfu vyasuzuguye ubukerebutsi n’indero+. Imigani 8:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse. Ivyakozwe 9:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Maze koko ishengero+, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, rija mu kiringo c’amahoro, rirubakwa; kandi kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova+ no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda+, ryaguma rigwira.
11 Aburahamu na we avuga ati: “Ni uko nibwiye nti: ‘Ni ukuri nta gutinya Imana kuri aha hantu+, kandi ntibazobura kunyica kubera umugore wanje+.’
12 Abandanya ati: “Ntubangurire ukuboko uwo muhungu, kandi ntihagire ico umugira+, kuko ubu menye vy’ukuri yuko utinya Imana, kuko utanyimye umuhungu wawe, umwana wawe rudende+.”
24 Gusa mutinye+ Yehova, kandi mumukorere mu kuri, n’umutima wanyu wose+; kuko raba ibintu bikomeye yabakoreye+.
9 Nongera mvuga nti: “Ico kintu muriko murakora si ciza+. Mbega ntimukwiye kugendera mu gutinya+ Imana yacu+ kubera iceyi+ c’amahanga, ari bo bansi bacu+?
13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse.
31 Maze koko ishengero+, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, rija mu kiringo c’amahoro, rirubakwa; kandi kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova+ no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda+, ryaguma rigwira.