ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 20:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Aburahamu na we avuga ati: “Ni uko nibwiye nti: ‘Ni ukuri nta gutinya Imana kuri aha hantu+, kandi ntibazobura kunyica kubera umugore wanje+.’

  • Itanguriro 22:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Abandanya ati: “Ntubangurire ukuboko uwo muhungu, kandi ntihagire ico umugira+, kuko ubu menye vy’ukuri yuko utinya Imana, kuko utanyimye umuhungu wawe, umwana wawe rudende+.”

  • Abalewi 25:43
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 43 Ntuze umukandamize n’agahahazo+; utegerezwa gutinya Imana yawe+.

  • 1 Samweli 12:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Gusa mutinye+ Yehova, kandi mumukorere mu kuri, n’umutima wanyu wose+; kuko raba ibintu bikomeye yabakoreye+.

  • Nehemiya 5:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nongera mvuga nti: “Ico kintu muriko murakora si ciza+. Mbega ntimukwiye kugendera mu gutinya+ Imana yacu+ kubera iceyi+ c’amahanga, ari bo bansi bacu+?

  • Imigani 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubumenyi+. Ibipfu vyasuzuguye ubukerebutsi n’indero+.

  • Imigani 8:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse.

  • Ivyakozwe 9:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Maze koko ishengero+, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, rija mu kiringo c’amahoro, rirubakwa; kandi kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova+ no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda+, ryaguma rigwira.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika