Kuvayo 29:36 Bibiliya y’isi nshasha 36 Uzoshikana ya shūri y’ishikanwa ry’igicumuro buri musi ngo ibe impongano+, kandi uze utyorore igicaniro igicumuro mu kugitangira impongano, wongere ukirobanuze amavuta+ kugira cezwe. Abalewi 8:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Hanyuma Musa arayikerera+, atora amaraso+ ayashira n’urutoke rwiwe ku mahembe y’igicaniro hirya no hino araheza atyorora nya gicaniro ngo kiveko igicumuro, mugabo ayasigaye ayasuka ku ntaba y’igicaniro, kugira aceze ku bwo kugihongerako+. Abalewi 16:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “Kandi aze atange impongano ku bw’ahantu heranda ku bijanye n’ubuhumane+ bwa bene Isirayeli no ku bijanye n’imigararizo yabo mu bicumuro vyabo vyose+. Ukwo ni ko akwiye kubigenza ku bw’ihema ry’ihuriro, iribana na bo hagati mu buhumane bwabo. Abaheburayo 9:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Vyari nkenerwa rero yuko ibigereranyo+ vy’ibintu vyo mw’ijuru bihumanurwa hakoreshejwe ubwo buryo+, mugabo ibintu vyo mw’ijuru ubwavyo bigahumanuzwa ibimazi vyiza kuruta mwene ivyo bimazi.
36 Uzoshikana ya shūri y’ishikanwa ry’igicumuro buri musi ngo ibe impongano+, kandi uze utyorore igicaniro igicumuro mu kugitangira impongano, wongere ukirobanuze amavuta+ kugira cezwe.
15 Hanyuma Musa arayikerera+, atora amaraso+ ayashira n’urutoke rwiwe ku mahembe y’igicaniro hirya no hino araheza atyorora nya gicaniro ngo kiveko igicumuro, mugabo ayasigaye ayasuka ku ntaba y’igicaniro, kugira aceze ku bwo kugihongerako+.
16 “Kandi aze atange impongano ku bw’ahantu heranda ku bijanye n’ubuhumane+ bwa bene Isirayeli no ku bijanye n’imigararizo yabo mu bicumuro vyabo vyose+. Ukwo ni ko akwiye kubigenza ku bw’ihema ry’ihuriro, iribana na bo hagati mu buhumane bwabo.
23 Vyari nkenerwa rero yuko ibigereranyo+ vy’ibintu vyo mw’ijuru bihumanurwa hakoreshejwe ubwo buryo+, mugabo ibintu vyo mw’ijuru ubwavyo bigahumanuzwa ibimazi vyiza kuruta mwene ivyo bimazi.