ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 29:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 “Kandi za mpuzu nyeranda+ za Aroni zizokoreshwa n’abahungu biwe+ mu nyuma ziwe kugira barobanuzwe amavuta+ bari muri zo, no kugira ngo ukuboko kwabo kwuzuzwe ububasha bari muri zo+.

  • Abalewi 8:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Kumara imisi indwi+ ntimuze musohoke ngo muve mu bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro, gushika ku musi ukwiza imisi y’iyatirwa ryanyu, kuko kwuzuza ukuboko kwanyu ububasha+ bizofata imisi indwi.

  • Abaheburayo 5:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Na Kristu rero ntiyininahaje+ mu gucika umuherezi mukuru+, ahubwo yaninahajwe+ n’umwe yavuga ku bijanye na we ngo: “Uri umwana wanje; jewe uno musi ncitse so+.”

  • Abaheburayo 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 kuko yiswe n’Imana bimwe bitomoye umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki+.

  • Abaheburayo 7:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Iyo rero ukutagira akanenge+ kuba vy’ukuri kuboneka biciye ku buherezi bw’Abalewi+ (kuko biciye kuri iyo ndinganizo ari ho abantu bahawe Itegeko+), vyokenerewe iki+ kandi ko hahaguruka uwundi muherezi mu buryo bwa Melekisedeki+, ntibivugwe ko ari mu buryo bwa Aroni?

  • Abaheburayo 7:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 yamubaye hatisunzwe itegeko ry’ibwirizwa rijanye n’umubiri+, ahubwo hisunzwe ububasha bw’ubuzima budashobora gusamburwa+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika