Abalewi 15:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 “‘Kandi mu gihe umugore agize urunyigimbe rwisuka, kandi urwo runyigimbe rwo mu mubiri wiwe rukaba ari amaraso+, akwiye kuguma mu buhumane+ bw’ubutinyanka+ bwiwe imisi indwi, kandi uwo wese amukozeko azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba. Abalewi 15:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Kandi hagize umugabo aryamana na we hanyuma ubuhumane bw’ubutinyanka bwiwe bukamujako+, nya mugabo rero ategerezwa kuba uwuhumanye imisi indwi, kandi igitanda cose aryamyeko kizoba gihumanye. Abalewi 20:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 “‘Aho umugabo aryamanye n’umugore ari mu butinyanka agapfukura koko ubwambure bwiwe, aba ashize ahabona isôko rya nya mugore, na nya mugore ubwiwe aba ashize ku kabarore isôko ry’amaraso yiwe+. Bompi rero bategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo. Ezekiyeli 22:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Muri wewe bapfukuye ubwambure bwa se w’umuntu+; muri wewe batetereje umugore yahumanijwe n’ubutinyanka bwiwe+.
19 “‘Kandi mu gihe umugore agize urunyigimbe rwisuka, kandi urwo runyigimbe rwo mu mubiri wiwe rukaba ari amaraso+, akwiye kuguma mu buhumane+ bw’ubutinyanka+ bwiwe imisi indwi, kandi uwo wese amukozeko azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba.
24 Kandi hagize umugabo aryamana na we hanyuma ubuhumane bw’ubutinyanka bwiwe bukamujako+, nya mugabo rero ategerezwa kuba uwuhumanye imisi indwi, kandi igitanda cose aryamyeko kizoba gihumanye.
18 “‘Aho umugabo aryamanye n’umugore ari mu butinyanka agapfukura koko ubwambure bwiwe, aba ashize ahabona isôko rya nya mugore, na nya mugore ubwiwe aba ashize ku kabarore isôko ry’amaraso yiwe+. Bompi rero bategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.
10 Muri wewe bapfukuye ubwambure bwa se w’umuntu+; muri wewe batetereje umugore yahumanijwe n’ubutinyanka bwiwe+.