ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 42:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Hanyuma ku musi ugira gatatu, Yozefu ababwira ati: “Nimugenze mutya, mubone kuguma muri bazima. Ntinya+ Imana y’ukuri.

  • Abalewi 25:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Kandi ntihaze hagire uwugunga mugenziwe+, kandi utegerezwa gutinya Imana yawe+, kuko ndi Yehova Imana yanyu+.

  • Nehemiya 5:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Ariko ba buramatari ba kera banyitangiye imbere bari bararemereje abantu, bakaguma babaka shekeli mirongo ine z’ifeza ku musi ku musi zigenewe umukate n’umuvinyu. Vyongeye, abasuku babo bariganza ku bantu+. Mugabo jewe sinagize gutyo+ kubera ugutinya Imana+.

  • Imigani 1:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubumenyi+. Ibipfu vyasuzuguye ubukerebutsi n’indero+.

  • Imigani 8:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ugutinya Yehova gusobanura kwanka ibibi+. Ukwishira hejuru n’ubwishime+ n’inzira mbi be n’akanwa kagoramye+, naravyanse.

  • 1 Petero 2:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Mutere iteka abantu b’uburyo bwose+, mukunde umuryango wose w’abavukanyi+, mutinye Imana+, mutere iteka umwami+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika