ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubikorera+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+, izana igihano ku bana ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane, ku banyanka+;

  • Kuvayo 34:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kuko udakwiye gukubitira inkoro hasi iyindi mana+, kuko Yehova, uwo izina ryiwe ari Munyeshari, ari Imana y’ishari+;

  • Gusubira mu vyagezwe 4:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Kuko Yehova Imana yawe ari umuriro uyigiza+, Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+.

  • Yosuwa 24:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Maze Yosuwa abwira abantu ati: “Ntimushobora gukorera Yehova, kuko ari Imana nyeranda+; ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+. Ntazoharira ukugarariza kwanyu n’ibicumuro vyanyu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika