ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 25:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 “‘Mwene wanyu niyacika mworo, akabwirizwa kugurisha igipande c’itongo ryiwe, umucunguzi w’incuti ya hafi ategerezwa rero kuza akagaruza ico mwene wabo yagurishije+.

  • Abalewi 25:49
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 49 Canke sewabo canke umuhungu wa sewabo yoshobora kumugaruza, canke incuti yiwe y’amaraso iyo ari yo yose+, uwo mu muryango wiwe: uwo yoshobora kumugaruza.

      “‘Nimba na ho ubwiwe acitse umutunzi, ni we rero ategerezwa kwigaruza+.

  • Rusi 4:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Maze abwira nya mucunguzi+ ati: “Igice c’itongo cari ica mwene wacu Elimeleki+, Nawomi, umwe yagaruka avuye mu karere ka Mowabu+, agira akigurishe.

  • Yeremiya 32:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Mu nyuma Hanameli mwene datawacu aza aho ndi mu Kigo c’Abarinzi+, nk’uko ijambo rya Yehova ryari ryavuze, maze ambwira ati: “Ndakwinginze ugure itongo ryanje riri i Anatoti+ ho mu gihugu ca Benyamini+, kuko uburenganzira bw’intoranwa ari ubwawe, kandi n’uburenganzira bw’ugucungura ni ubwawe. Nuryigurire.” Nca menya ko ryari ijambo rya Yehova+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika