ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 10:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 “Ku musi w’ukunezerwa+ kwanyu no mu biringo vy’imisi mikuru yanyu+ no ku ntango z’amezi yanyu+, muze muvugirize inzumbete hejuru y’amashikanwa yanyu aturirwa+ no hejuru y’ibimazi vyanyu vy’ugusangira+; kandi ikoreshwa ryazo rize ribabere icibutso imbere y’Imana yanyu. Ndi Yehova Imana yanyu+.”

  • 1 Ngoma 23:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 no ku bijanye n’ugushikanira Yehova ibimazi biturirwa ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku biringo vy’imisi mikuru+, hakurikijwe igitigiri, hisunzwe ingingo ivyerekeye, bakama babigira imbere ya Yehova.

  • 2 Ngoma 2:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 ehe ngira nubakire+ inzu izina+ rya Yehova Imana yanje kugira ngo ndayimwereze+, kugira ngo nturirire imbere yiwe imibavu* imota neza+, habe n’imikate igerekeranye y’ubudasiba+ n’amashikanwa aturirwa, mu gitondo no ku mugoroba+, ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku biringo vy’imisi mikuru+ vya Yehova Imana yacu. Ivyo ni vyo Isirayeli izobwirizwa kugira gushika igihe kitagira urugero*+.

  • Nehemiya 10:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 ku bw’imikate igerekeranye+, n’ishikanwa ry’intete ry’ubudasiba+, n’ishikanwa riturirwa ry’ubudasiba ry’amasabato+ n’imboneko z’ukwezi+, ku bw’imisi mikuru yashinzwe+, ku bw’ibintu vyeranda+, no ku bw’amashikanwa y’igicumuro+ yo gutangira impongano* Isirayeli, no ku bw’igikorwa cose c’inzu y’Imana yacu+.

  • Abakolosayi 2:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ntihagire rero uwubacira urubanza+ mu vy’ukurya n’ukunywa+ canke mu bijanye n’umusi mukuru+ canke ukwubahiriza imboneko y’ukwezi+ canke isabato+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika