ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 14:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 Kandi abahungu banyu bazocika abungere mu gahinga+ imyaka mirongo ine, kandi bazobwirizwa kwishura ubusambanyi+ bwanyu, gushika imivyimba yanyu iherengetereye mu gahinga+.

  • Gusubira mu vyagezwe 29:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 ‘Mu myaka mirongo ine namaze ndabarongōra mu gahinga+, impuzu zanyu ntizabashiriyeko, n’inkweto* yawe ntiyagushiriye ku kirenge+.

  • Yosuwa 5:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko bene Isirayeli bari bamaze imyaka mirongo ine+ bagendagenda mu gahinga, gushika ihanga ryose ry’abarwanyi bavuye mu Misiri batumvirije ijwi rya Yehova rirangiye, abo Yehova yarahiye yuko atokwigeze areka ngo babone igihugu+ Yehova yari yararahiye ba sekuruza babo ko azokiduha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.

  • Zaburi 95:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Mu kiringo c’imyaka mirongo ine, nagumye numva nshishwe n’iryo yaruka+,

      Ndaheza mvuga nti:

      “Ni abantu b’umutima wigira ibiro biteze+,

      Kandi bo ubwabo ntibamenye inzira zanje+”;

  • Ivyakozwe 7:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Uyo muntu yarabarongoye+ amaze gukora ibitangaza n’ibimenyetso mu Misiri+ no mu kiyaga Gitukura+ be no mu gahinga, mu myaka mirongo ine+.

  • Ivyakozwe 13:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Kandi mu kiringo c’imyaka nka mirongo ine+ yarihanganiye ingeso zabo mu gahinga.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika