ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 27:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nuko Yehova abwira Musa ati: “Niwitorere Yosuwa mwene Nuni, umugabo arimwo impwemu+, maze umurambikeko ikiganza cawe+;

  • 1 Samweli 10:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Maze impwemu+ ya Yehova ica itangura gukorera kuri wewe, nawe uravuga koko bwa muhanuzi+ uri kumwe na bo kandi urahindurwa ugirwe uwundi muntu.

  • 2 Abami 2:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Abahungu b’abahanuzi bari i Yeriko bamubonye nka hariya, batangura kuvuga bati: “Impwemu+ ya Eliya yaje kuri Elisha.” Nuko baza kumusanganira maze baramwunamira+ bashika hasi.

  • Nehemiya 9:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Waratanze impwemu+ yawe nziza kugira ngo ubagire abigengesera; ntiwimye manu* yawe akanwa kabo+, kandi wabahaye amazi yo kubamara inyota+.

  • Ivyakozwe 2:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 ngo: ‘“Kandi mu misi ya nyuma,” ni ko Imana ivuga, “nzosuka igice c’impwemu yanje+ ku bari n’umubiri b’ubwoko bwose, kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga ubuhanuzi, n’abasore banyu bazobona ivyo beretswe, n’abatama banyu bazorota indoto+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika