26 Ica kabiri ca shekeli umuntu yatanga cari ica kabiri ca shekeli hisunzwe shekeli y’ahantu heranda, ku muntu wese yarengana aja mu bari banditswe kuva ku myaka mirongo ibiri y’amavuka no kuduga+, bashika ku bihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu+.