12 Kubera iki Abanyamisiri+ bokwirirwa baravuga ngo: ‘Yabakuyeyo mu ntumbero mbi kugira abicire mu misozi no kugira abatikize ku buringanire bw’ubutaka+’? Hindukira, ureke ishavu ryawe rirurumba+, wicuze+ ku nabi wagira ukorere abantu bawe.
9 Maze ngira ico nkoze ku bw’izina ryanje kugira ngo ntirihumanywe mu maso y’amahanga barimwo+, kuko nari nimenyekanishije kuri bo mu maso yayo mu kubakura mu gihugu ca Misiri+.