14 Yehova yongera kumbwira ati: “Ubuhanuzi bw’ibinyoma ni bwo abo bahanuzi bavuga mw’izina ryanje+. Sinabatumye, eka kandi nta co nabategetse canke ngo ndababwire+. Bababwira mu buryo bw’ubuhanuzi ukwerekwa kw’ikinyoma, ukuragura, ikintu ata co kimaze+, n’amayeri yo mu mutima wabo+.