Gusubira mu vyagezwe 13:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 kandi nya kimenyetso canke nya mburizi bikaranguka koko, ari vyo yari yakubwiye+ avuga ngo: ‘Tugendere inyuma y’izindi mana utamenye, tuzikorere,’ 1 Abami 18:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ubu rero, nutume intumwa gukoraniriza Isirayeli yose iruhande yanje ku musozi Karumeli+, na ba bahanuzi ba Bayali+ amajana ane na mirongo itanu be na ba bahanuzi amajana ane b’igikingi ceranda+, barira ku meza ya Yezebeli+.” Yeremiya 23:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Kandi abahanuzi ba Samariya+ nababonyemwo ibitabereye. Bakoze bwa bahanuzi bohejwe na Bayali+, kandi baguma batuma abantu banje, egome, Isirayeli, bayerera+.
2 kandi nya kimenyetso canke nya mburizi bikaranguka koko, ari vyo yari yakubwiye+ avuga ngo: ‘Tugendere inyuma y’izindi mana utamenye, tuzikorere,’
19 Ubu rero, nutume intumwa gukoraniriza Isirayeli yose iruhande yanje ku musozi Karumeli+, na ba bahanuzi ba Bayali+ amajana ane na mirongo itanu be na ba bahanuzi amajana ane b’igikingi ceranda+, barira ku meza ya Yezebeli+.”
13 “Kandi abahanuzi ba Samariya+ nababonyemwo ibitabereye. Bakoze bwa bahanuzi bohejwe na Bayali+, kandi baguma batuma abantu banje, egome, Isirayeli, bayerera+.