33 Kandi twabonyeyo Abanefilimu, bene Anaki+, abakomoka ku Banefilimu; ku buryo mu maso yacu bwite twacitse nk’uduhori, kandi ukwo nyene ni ko twacitse mu maso yabo+.”
9 Igihe baduga bakaja mu mwonga wa Eshikoli+ maze bakabona nya gihugu, baravunye umutima bene Isirayeli, kugira ngo ntibinjire mu gihugu Yehova yari agiye kubaha ata gukeka+.
13 Maze Paulo yishura ati: “Ivyo mugira ni ibiki, ko murira+ mwongera muntera kugoyagoya mu mutima+? Nimubimenye: siniteguriye kuboherwa i Yeruzalemu vyonyene, ahubwo nditeguriye no gupfirayo+ ku bw’izina ry’Umukama Yezu.”