Kuvayo 23:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Kandi mutegerezwa gukorera Yehova Imana yanyu+; na we ntazobura guhezagira umukate wawe n’amazi yawe+; kandi koko nzokwigiza kure indwara zive hagati muri wewe+. Zaburi 28:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kiza abantu bawe, uhezagire intoranwa yawe+;Nubaragire, ubaterure gushika igihe kitagira urugero+. Zaburi 115:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Yehova ubwiwe yatwibutse; azohezagira+,Azohezagira inzu ya Isirayeli+,Azohezagira inzu ya Aroni+.
25 Kandi mutegerezwa gukorera Yehova Imana yanyu+; na we ntazobura guhezagira umukate wawe n’amazi yawe+; kandi koko nzokwigiza kure indwara zive hagati muri wewe+.