Abalewi 26:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Kandi nzobwirizwa kuvuna ubwishime bw’inkomezi zanyu, nongere ntume amajuru yanyu amera nk’icuma+, n’isi yanyu nk’umujumpu. Gusubira mu vyagezwe 11:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 maze ishavu rya Yehova rikabarurumbira, akugara amajuru ku buryo ata mvura izohaba+ n’ubutaka ntibutange umwimbu wabwo, namwe mukabwirizwa guhona vyihuta mu gihugu ciza Yehova agira abahe+. 1 Abami 8:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 “Ijuru niryugarwa ku buryo hataboneka imvura+, kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga koko berekeje aha hantu+, bagahaya izina ryawe, kandi bagahindukira bakava mu gicumuro cabo, kuko uzoba wagumye ubateza amarushwa+, 1 Abami 17:1 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nuko Eliya+ Umutishibe wo mu baba i Gileyadi+ abwira Ahabu ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ Imana ya Isirayeli, uwo mpagarara+ imbere koko, muri iyi myaka nta kime canke imvura bizohaba+, kiretse kw’itegeko ry’ijambo ryanje+!” Yeremiya 14:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Kubera ubutaka busataguritse bivanye n’uko ata mvura y’isegenya yaguye mu gihugu+, abarimyi bamaramaye; bitwikiriye umutwe+. Amosi 4:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “‘Kandi narabimye imvura, igihe hari hagisigaye amezi atatu ngo iyimbura rigere+; nagwishije imvura ku gisagara kimwe, mugabo ku kindi sinayigwisha. Ku gice kimwe c’itongo imvura yaragwa, mugabo igice ntaba nayigwishijeko kikuma+.
19 Kandi nzobwirizwa kuvuna ubwishime bw’inkomezi zanyu, nongere ntume amajuru yanyu amera nk’icuma+, n’isi yanyu nk’umujumpu.
17 maze ishavu rya Yehova rikabarurumbira, akugara amajuru ku buryo ata mvura izohaba+ n’ubutaka ntibutange umwimbu wabwo, namwe mukabwirizwa guhona vyihuta mu gihugu ciza Yehova agira abahe+.
35 “Ijuru niryugarwa ku buryo hataboneka imvura+, kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga koko berekeje aha hantu+, bagahaya izina ryawe, kandi bagahindukira bakava mu gicumuro cabo, kuko uzoba wagumye ubateza amarushwa+,
17 Nuko Eliya+ Umutishibe wo mu baba i Gileyadi+ abwira Ahabu ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ Imana ya Isirayeli, uwo mpagarara+ imbere koko, muri iyi myaka nta kime canke imvura bizohaba+, kiretse kw’itegeko ry’ijambo ryanje+!”
4 Kubera ubutaka busataguritse bivanye n’uko ata mvura y’isegenya yaguye mu gihugu+, abarimyi bamaramaye; bitwikiriye umutwe+.
7 “‘Kandi narabimye imvura, igihe hari hagisigaye amezi atatu ngo iyimbura rigere+; nagwishije imvura ku gisagara kimwe, mugabo ku kindi sinayigwisha. Ku gice kimwe c’itongo imvura yaragwa, mugabo igice ntaba nayigwishijeko kikuma+.