ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kandi nzobwirizwa kuvuna ubwishime bw’inkomezi zanyu, nongere ntume amajuru yanyu amera nk’icuma+, n’isi yanyu nk’umujumpu.

  • Gusubira mu vyagezwe 11:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 maze ishavu rya Yehova rikabarurumbira, akugara amajuru ku buryo ata mvura izohaba+ n’ubutaka ntibutange umwimbu wabwo, namwe mukabwirizwa guhona vyihuta mu gihugu ciza Yehova agira abahe+.

  • 1 Abami 8:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 “Ijuru niryugarwa ku buryo hataboneka imvura+, kubera yuko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga koko berekeje aha hantu+, bagahaya izina ryawe, kandi bagahindukira bakava mu gicumuro cabo, kuko uzoba wagumye ubateza amarushwa+,

  • 1 Abami 17:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nuko Eliya+ Umutishibe wo mu baba i Gileyadi+ abwira Ahabu ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+ Imana ya Isirayeli, uwo mpagarara+ imbere koko, muri iyi myaka nta kime canke imvura bizohaba+, kiretse kw’itegeko ry’ijambo ryanje+!”

  • Yeremiya 14:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Kubera ubutaka busataguritse bivanye n’uko ata mvura y’isegenya yaguye mu gihugu+, abarimyi bamaramaye; bitwikiriye umutwe+.

  • Amosi 4:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 “‘Kandi narabimye imvura, igihe hari hagisigaye amezi atatu ngo iyimbura rigere+; nagwishije imvura ku gisagara kimwe, mugabo ku kindi sinayigwisha. Ku gice kimwe c’itongo imvura yaragwa, mugabo igice ntaba nayigwishijeko kikuma+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika