33 Nuko bene Gadi+ na bene Rubeni+ n’igice c’umuryango wa Manase+ mwene Yozefu, Musa abaha ubwami bwa Sihoni+ umwami w’Abamori n’ubwami bwa Ogi+ umwami wa Bashani, ni ukuvuga igihugu cegukira ibisagara vyaco mu turere, n’ibisagara vya nya gihugu vyari irya n’ino.
30 Akarere kabo kabaye aka: kuva i Mahanayimu+, Bashani yose, akarere k’ubwami kose ka Ogi umwami wa Bashani+, n’ibigwati vy’amahema vyose vya Yayiri+ biri muri Bashani, ibisagara mirongo itandatu.