31 “Kandi nzoshinga urubibe rwawe guhera ku kiyaga Gitukura gushika ku kiyaga c’Abafilisitiya, no guhera ku gahinga gushika kuri rwa Ruzi+; kuko nzotanga mu kuboko kwanyu ababa mu gihugu, nawe uzobirukana vy’ukuri bakuve imbere+.
24 Ahantu hose ubworo bw’ikirenge canyu buzohonyora hazocika rwanyu+. Kuva ku gahinga gushika i Libani, kuva kuri rwa Ruzi, uruzi Efurate, gushika ku kiyaga co mu burengero, ni ho urubibe rwanyu ruzoshika+.