Kuvayo 20:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Baca batangura kubwira Musa bati: “Ba ari wewe uvugana natwe, natwe twumvirize; mugabo Imana ntibe ari yo ivugana natwe, ntiduhave dupfa+.” Gusubira mu vyagezwe 18:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 bwa nyishu ku vyo wasavye Yehova Imana yawe vyose i Horebu kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+, uti: ‘Sinsubire kwumva ijwi rya Yehova Imana yanje, n’uyu muriro ukomeye sinongere kuwubona, kugira simpfe+.’ Ivyakozwe 7:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 Uyo ni we+ yahavuye aba hagati mw’ishengero+ mu gahinga ari kumwe na wa mumarayika+ yavugana na we ku musozi Sinayi, aba kandi kumwe na ba sogokuruza, yongera aronka amajambo meranda mazima+ yo kubaha. Abagalatiya 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 None Itegeko rihari kubera iki? Ryongeweko kugira ngo ibigabitanyo bije ahabona+, kugeza hashitse+ uruvyaro rwari rwarahawe umuhango; kandi ryashikirijwe biciye ku bamarayika+, ricishwa mu kuboko kw’umuhuza+.
19 Baca batangura kubwira Musa bati: “Ba ari wewe uvugana natwe, natwe twumvirize; mugabo Imana ntibe ari yo ivugana natwe, ntiduhave dupfa+.”
16 bwa nyishu ku vyo wasavye Yehova Imana yawe vyose i Horebu kuri wa musi ishengero ryari rikoranye+, uti: ‘Sinsubire kwumva ijwi rya Yehova Imana yanje, n’uyu muriro ukomeye sinongere kuwubona, kugira simpfe+.’
38 Uyo ni we+ yahavuye aba hagati mw’ishengero+ mu gahinga ari kumwe na wa mumarayika+ yavugana na we ku musozi Sinayi, aba kandi kumwe na ba sogokuruza, yongera aronka amajambo meranda mazima+ yo kubaha.
19 None Itegeko rihari kubera iki? Ryongeweko kugira ngo ibigabitanyo bije ahabona+, kugeza hashitse+ uruvyaro rwari rwarahawe umuhango; kandi ryashikirijwe biciye ku bamarayika+, ricishwa mu kuboko kw’umuhuza+.