62 Abanditswe babo babaye ibihumbi mirongo ibiri na bitatu, ab’igitsina-gabo bose kuva ku kwezi kumwe kuduga+. Kuko batanditswe muri bene Isirayeli+, kubera yuko ata ntoranwa bohawe muri bene Isirayeli+.
3 Kuko Musa yari yaratanze intoranwa ya ya miryango yindi ibiri na ca gice kindi c’umuryango hakurya ya Yorodani+; Abalewi ntiyabahaye intoranwa hagati muri bo+.