3 Maze umugabo wiwe arahaguruka aramukurikira, kugira amuyagishe n’ijwi ryirura, ngo amugarukane; kandi yari kumwe n’umusuku+ wiwe n’indogobwa z’ingabo zibiri. Nuko nya mugore amwinjiza mu nzu ya se. Se w’uwo mugore akiri muto ngo amubone, aca aranezerwa no kumusanganira.