Itanguriro 18:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ndabinginze, hatorwe amazi makeyi hanyuma mwozwe ibirenge+. Maze mwicare munsi y’igiti+. 1 Samweli 25:41 Bibiliya y’isi nshasha 41 Buno nyene arahaguruka maze arunama mu maso hiwe hashika hasi+, hanyuma avuga ati: “Ehe umushumbakazi wawe ameze nk’umusukukazi wo kwoza ibirenge+ vy’abasuku b’umukama wanje+.” 2 Samweli 11:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Amaherezo Dawidi abwira Uriya ati: “Manuka ku nzu yawe, woge ibirenge+.” Uriya araheza arasohoka ava mu nzu y’umwami, n’ingabirano y’ubugenzi y’umwami isohoka imukurikiye. Luka 7:44 Bibiliya y’isi nshasha 44 Aca arahindukira araba nya mugore, hanyuma abwira Simoni ati: “Urabona uyu mugore? Ninjiye mu nzu yawe; nta mazi wampaye+ yo kunyoza ibirenge. Mugabo uyu mugore yatotesheje amosozi yiwe ibirenge vyanje, hanyuma abihanaguza umushatsi wiwe. Yohani 13:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Ashira amazi mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge+ vy’abigishwa no kuvyumutsa akoresheje nya gitambara yari akenyeje. 1 Timoteyo 5:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiza+, nimba yararera abana+, nimba yarakira abashitsi+, nimba yaroza ibirenge vy’aberanda+, nimba yaratabara abari mu makuba+, nimba yarakurikirana igikorwa ciza cose ashirutse ubute+.
41 Buno nyene arahaguruka maze arunama mu maso hiwe hashika hasi+, hanyuma avuga ati: “Ehe umushumbakazi wawe ameze nk’umusukukazi wo kwoza ibirenge+ vy’abasuku b’umukama wanje+.”
8 Amaherezo Dawidi abwira Uriya ati: “Manuka ku nzu yawe, woge ibirenge+.” Uriya araheza arasohoka ava mu nzu y’umwami, n’ingabirano y’ubugenzi y’umwami isohoka imukurikiye.
44 Aca arahindukira araba nya mugore, hanyuma abwira Simoni ati: “Urabona uyu mugore? Ninjiye mu nzu yawe; nta mazi wampaye+ yo kunyoza ibirenge. Mugabo uyu mugore yatotesheje amosozi yiwe ibirenge vyanje, hanyuma abihanaguza umushatsi wiwe.
5 Ashira amazi mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge+ vy’abigishwa no kuvyumutsa akoresheje nya gitambara yari akenyeje.
10 ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiza+, nimba yararera abana+, nimba yarakira abashitsi+, nimba yaroza ibirenge vy’aberanda+, nimba yaratabara abari mu makuba+, nimba yarakurikirana igikorwa ciza cose ashirutse ubute+.