Abacamanza 20:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nuko abagabo ba Isirayeli barakoranywa, uretse Benyamini, abagabo ibihumbi amajana ane barwanisha inkota+. Umwe wese muri abo yari umurwanyi. 2 Samweli 24:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nuko Yowabu aha umwami igitigiri c’abantu bari banditswe+; Isirayeli yarimwo abagabo b’intwari ibihumbi amajana umunani barwanisha inkota, abagabo ba Yuda na bo bari abagabo ibihumbi amajana atanu+. 2 Abami 3:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Umwami wa Mowabu abonye ko urugamba rubaye urukomeye birenze kuri we, aca ajana n’abagabo amajana indwi barwanisha inkota kugira ngo bamenere gushika ku mwami wa Edomu+, mugabo ntibabishobora.
17 Nuko abagabo ba Isirayeli barakoranywa, uretse Benyamini, abagabo ibihumbi amajana ane barwanisha inkota+. Umwe wese muri abo yari umurwanyi.
9 Nuko Yowabu aha umwami igitigiri c’abantu bari banditswe+; Isirayeli yarimwo abagabo b’intwari ibihumbi amajana umunani barwanisha inkota, abagabo ba Yuda na bo bari abagabo ibihumbi amajana atanu+.
26 Umwami wa Mowabu abonye ko urugamba rubaye urukomeye birenze kuri we, aca ajana n’abagabo amajana indwi barwanisha inkota kugira ngo bamenere gushika ku mwami wa Edomu+, mugabo ntibabishobora.