ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 18:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Hari ikidashoboka kuri Yehova+? Ku gihe cashinzwe nzogaruka kuri wewe, mu mwaka uza nk’aya mango, kandi Sara azoronka umuhungu.”

  • Yosuwa 10:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Mu gihe bariko barahunga imbere ya Isirayeli, bakiri ku mumanuko wa Beti-horoni, Yehova abatibagurirako ibibuye bininibinini+ bivuye mw’ijuru gushika i Azeka, ku buryo bapfa. Abishwe n’ayo mabuye y’urubura baba benshi kuruta abo bene Isirayeli bicishije inkota.

  • Abacamanza 4:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Yehova atangura guta mu muvurungano+ Sisera n’imikogote y’intambara yiwe yose n’ikambi yose, abicisha ubugi bw’inkota imbere ya Baraki. Amaherezo Sisera yururuka umukogote, ahunga n’amaguru.

  • 1 Samweli 7:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Samweli ariko ashikana nya shikanwa riturirwa, Abafilisitiya baregereza kugira barwanye Isirayeli. Nuko kuri uwo musi Yehova aturagariza Abafilisitiya umuturagaro n’urwamo rukomeye+, kugira ngo abate mu muvurungano+; baratsindwa imbere ya Isirayeli+.

  • Zaburi 135:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  7 Atuma imyuka iduga kuva ku mpera y’isi+;

      Yakoreye imvura ingomero+;

      Asohora umuyaga mu bigega vyiwe+,

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika