Imigani 13:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ugutahura kwimbitse kwiza gutanga ubutoni+, mugabo inzira y’ibihemu iragumye kandi ntiringaniye+. Yesaya 33:1 Bibiliya y’isi nshasha 33 Uragowe wewe unyaga kandi ubwawe utanyagwa, nawe uhemuka kandi abandi bataguhemukiye+! Ukirangiza kunyaga, uzonyagwa+. Ugiheza guhemuka, bazoguhemukira+. Matayo 7:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 kuko urubanza muca ari rwo namwe muzocirwa+; kandi ingero mugeresha ni yo namwe bazobagererako+. Abagalatiya 6:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ntimuzimire+: Imana ntihemwa+. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+;
33 Uragowe wewe unyaga kandi ubwawe utanyagwa, nawe uhemuka kandi abandi bataguhemukiye+! Ukirangiza kunyaga, uzonyagwa+. Ugiheza guhemuka, bazoguhemukira+.