ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 13:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 (guhera kw’ishami rya Nili riri aharabana na Misiri gushika ku mupaka wa Ekuroni mu buraruko+, hahora haharurwa ko hegukira Abanyakanani+); abatware b’urunani batanu+ b’Abafilisitiya, Abanyegaza+ n’Abashidodi+, Abashikeloni+, Abagiti+ n’Abekuroni+; n’Abavimu+.

  • Abacamanza 3:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Ayo mahanga ni yo y’aya: Ba batware b’urunani batanu+ b’Abafilisitiya+, n’Abanyakanani+ bose, mbere n’Abanyasidoni+ n’Abahiwi+ baba ku musozi Libani+, guhera ku musozi Bayali-herumoni+ gushika ku bwinjiriro bwa Hamati+.

  • Abacamanza 16:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Nuko abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya baduga iwe maze bamubwira bati: “Muhende+ ubone aho izo nguvu nyinshi ziwe ziri be n’ico twomuneshesha hamwe n’ico twomubohesha koko kugira tumumare igabo; natwe tuzoguha umwe wese ibice igihumbi n’ijana vy’ifeza+.”

  • Abacamanza 16:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Hanyuma Samusoni avuga ati: “Reka mpfane+ n’Abafilisitiya.” Maze arituna n’inkomezi zose, nya nzu ica itangura kugwa kuri ba batware b’urunani no ku bantu bose bari muri yo+, ku buryo abo yishe mu gupfa kwiwe baba benshi kuruta abo yari yarishe akiriho+.

  • 1 Samweli 5:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nuko batumako abatware bose b’urunani b’Abafilisitiya, bakoranira aho bari, maze bavuga bati: “Tugenze dute isandugu y’Imana ya Isirayeli?” Amaherezo bavuga bati: “Isandugu y’Imana ya Isirayeli nije i Gati+.” Bajanayo rero iyo sandugu y’Imana ya Isirayeli.

  • 1 Samweli 6:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Na bo bavuga bati: “Ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha tubwirizwa kuyisubiza ni nyabaki?” Maze bavuga bati: “Ibivyimba* bitanu bikozwe mu nzahabu be n’imbeba zo mu gahinga zitanu zikozwe mu nzahabu hisunzwe igitigiri c’abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya, kuko umwe wese muri mwebwe n’abatware b’urunani banyu mwashikiwe n’ikiza kimwe.

  • 1 Samweli 29:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya bariko bagenda ari amajanajana n’ibihumbihumbi; Dawidi n’abantu biwe bagenda babakurikiye, bari kumwe na Akishi+.

  • 1 Ngoma 12:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kandi mu ba Manase, hari abataye bakomokera kuri Dawidi igihe yazanana n’Abafilisitiya+ gutera Sauli ngo barwane; mugabo ntiyabafashije, kuko aho abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya bamariye kuja inama, bamwirukanye, mu kuvuga bati: “Azoduta yomokere ku mukama wiwe Sauli, maze tuhasige agatwe+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika