17 Amaherezo amuhishurira ibiri mu mutima wiwe vyose+, amubwira ati: “Urumosho+ ntirwigeze rugera ku mutwe wanje, kuko ndi Umunaziri w’Imana kuva mu nda ya mawe+. Hamwe nomobwa koko, inkomezi zanje zoca zimvako; nocika goyigoyi nkaba nk’abandi bantu bose+.”