5 Nuko abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya baduga iwe maze bamubwira bati: “Muhende+ ubone aho izo nguvu nyinshi ziwe ziri be n’ico twomuneshesha hamwe n’ico twomubohesha koko kugira tumumare igabo; natwe tuzoguha umwe wese ibice igihumbi n’ijana vy’ifeza+.”