Abalewi 23:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 “‘Kandi nimwashwabura umwimbu wo mu gihugu canyu, ntuze uherengeteze umubari w’umurima wawe igihe ushwabura, kandi ntuze wandure udutororwa tw’umwimbu wawe+. Ukwiye kudusigira umurushwa+ na kavamahanga+. Ndi Yehova Imana yanyu.’” Rusi 2:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Mu nyuma Rusi Umunyamowabukazi abwira Nawomi ati: “Ndakwinginze undeke ngende mu mirima gutorora*+ mu mahundo y’intete, nkurikira uwo wese nogira ubutoni mu maso yiwe.” Nuko amubwira ati: “Genda, mukobwa wanje.”
22 “‘Kandi nimwashwabura umwimbu wo mu gihugu canyu, ntuze uherengeteze umubari w’umurima wawe igihe ushwabura, kandi ntuze wandure udutororwa tw’umwimbu wawe+. Ukwiye kudusigira umurushwa+ na kavamahanga+. Ndi Yehova Imana yanyu.’”
2 Mu nyuma Rusi Umunyamowabukazi abwira Nawomi ati: “Ndakwinginze undeke ngende mu mirima gutorora*+ mu mahundo y’intete, nkurikira uwo wese nogira ubutoni mu maso yiwe.” Nuko amubwira ati: “Genda, mukobwa wanje.”