ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 6:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya+, kandi ni we ukwiye gukorera+, kandi izina ryiwe ni ryo ukwiye kurahira+.

  • Gusubira mu vyagezwe 10:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 “Yehova Imana yawe ni we ukwiye gutinya+. Ni we ukwiye gukorera+, kandi ni we ukwiye kwumirako+, kandi mw’izina ryiwe ni ho ukwiye kurahira indahiro+.

  • Abacamanza 8:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Aca avuga ati: “Bari bene wacu, bene mama. Ndahiye ukubaho kwa Yehova, iyo muba mwarabazigamiye ubuzima, sinari kwirirwa ndabica+.”

  • 1 Samweli 14:39
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 39 Kuko, ndahiye ukubaho kwa Yehova we Murokozi wa Isirayeli, n’iyo hoba ari muri Yonatani umuhungu wanje, arapfa ata kabuza+.” Mugabo ntihagira n’umwe amwishura mu bantu bose.

  • 1 Samweli 19:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Nuko Sauli yumvira ijwi rya Yonatani, maze Sauli arahira ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, ntazokwicwa.”

  • 1 Samweli 20:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Mugabo Dawidi yongerako indahiro+ ati: “So arazi neza yuko nagize ubutoni mu maso yawe+, akaba azovuga rero ati: ‘Yonatani ntabimenye kugira ntababare.’ Ariko mu vy’ukuri, ndahiye ukubaho kwa Yehova+ n’ukubaho kwawe+, hari nk’intambuko imwe gusa hagati yanje n’urupfu+!”

  • 1 Samweli 25:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Ubu rero mukama wanje, ndahiye ukubaho kwa Yehova+ be n’ukubaho kwawe+, Yehova yakubujije+ kwinjira mu vy’ukwagirwa n’amaraso+ no gutuma ukuboko kwawe bwite gushitsa ubukiriro bwawe+. Ubu rero, abansi bawe be n’abarondera kugirira nabi umukama wanje barakaba nka Nabali+.

  • Matayo 5:33
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 33 “Mwarumvise kandi ko abo mu bihe vya kera babwiwe ngo: ‘Ntukarahire+ ngo ubure gushitsa, mugabo utegerezwa gushitsa ivyo waraganiye Yehova+.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika