Itanguriro 43:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Na bo bati: “Data umusavyi wawe arisohora. Aracariho.” Maze barunama, bakubita inkoro hasi+. 1 Samweli 24:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Inyuma y’ivyo Dawidi arahaguruka, asohoka muri iryo senga maze asemerera inyuma ya Sauli, ati: “Mukama wanje+ mwami!” Sauli aca araba inyuma, maze Dawidi arunama, mu maso hiwe hakora hasi+, akubita inkoro hasi. 1 Samweli 25:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Abigayili abonye Dawidi, aca yihutira kwururuka indogobwa maze agwa yubamye imbere ya Dawidi, arunama+ ashika hasi. 2 Samweli 9:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Mefibosheti mwene Yonatani, Yonatani mwene Sauli, yinjiye aho Dawidi ari, aca agwa yubamye, akubita inkoro hasi+. Maze Dawidi avuga ati: “Mefibosheti!” Na we ati: “Ndi hano umusuku wawe.”
8 Inyuma y’ivyo Dawidi arahaguruka, asohoka muri iryo senga maze asemerera inyuma ya Sauli, ati: “Mukama wanje+ mwami!” Sauli aca araba inyuma, maze Dawidi arunama, mu maso hiwe hakora hasi+, akubita inkoro hasi.
23 Abigayili abonye Dawidi, aca yihutira kwururuka indogobwa maze agwa yubamye imbere ya Dawidi, arunama+ ashika hasi.
6 Mefibosheti mwene Yonatani, Yonatani mwene Sauli, yinjiye aho Dawidi ari, aca agwa yubamye, akubita inkoro hasi+. Maze Dawidi avuga ati: “Mefibosheti!” Na we ati: “Ndi hano umusuku wawe.”