Kuvayo 20:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “Ntugashinge intahe y’ikinyoma wagiriza mugenzawe+. Zaburi 52:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Amarushwa ni yo mugambi ururimi rwawe rutegura, rukarihije nk’urumosho+,Rugakorana ubuhendanyi+. Zaburi 52:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Wakunze ikibi kuruta iciza+,Ibinyoma kuruta ukuvuga ivy’ubugororotsi+. Sela. Imigani 19:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Icabona c’ikinyoma ntikizobura guhanwa+, kandi uwusuka ibinyoma ntazokira+. Imigani 25:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Kurya kw’ubuhiri bw’intambara n’inkota n’umwampi ukarihije, ni ko umuntu yagiriza mugenziwe bwa cabona c’ikinyoma amera+. Imigani 29:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Aho umutware atega ugutwi amajambo y’ikinyoma, abamukorera bose baba ababisha+. Ezekiyeli 22:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Muri wewe habonetse ababesheranyi katwa kugira ngo basese amaraso+; kandi muri wewe barīriye ku misozi+. Bashishikaye ubushirasoni hagati muri wewe+. Matayo 26:59 Bibiliya y’isi nshasha 59 Muri uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’Inama Nkuru* yose bariko barondera ibirego vy’ikinyoma bagiriza Yezu kugira bamwice+,
18 Kurya kw’ubuhiri bw’intambara n’inkota n’umwampi ukarihije, ni ko umuntu yagiriza mugenziwe bwa cabona c’ikinyoma amera+.
9 Muri wewe habonetse ababesheranyi katwa kugira ngo basese amaraso+; kandi muri wewe barīriye ku misozi+. Bashishikaye ubushirasoni hagati muri wewe+.
59 Muri uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’Inama Nkuru* yose bariko barondera ibirego vy’ikinyoma bagiriza Yezu kugira bamwice+,