14 agacumita mw’ibesani canke mu nkono y’ibigōmbo bibiri canke mu gisafuriya canke mu nkono y’ikigōmbo kimwe. Ikintu cose nya kanya yaduza, umuherezi yaracitwarira. Ukwo ni ko bakora i Shilo ku Bisirayeli bose baza ng’aho+.
22 Kandi Eli yari ashaje cane; yari yarumvise+ ibintu vyose abahungu biwe baguma bakorera+ Isirayeli yose be n’ukuntu baryamana n’abagore+ bakorera ku bwinjiriro bw’ihema ry’ihuriro+.
6 Se wiwe ntiyari yarigeze amubabaza mu kumubwira ati: “Kubera iki wakoze gutyo+?” Yari afise umutumba umeze neza cane+, kandi nyina yari yamuvyaye inyuma ya Abusalomu.