Imigani 13:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Itegeko ry’umuntu w’inkerebutsi ni isôko ry’ubuzima+, kugira ngo rikevye umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu+. Yesaya 3:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Uko mu maso habo hameze, harabâgiriza koko+, kandi barahishura igicumuro cabo kimeze nk’ica Sodomu+. Ntibakinyegeje. Baragowe! Kuko bikwegeye ivyago+. Yeremiya 8:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Boba baramaramajwe n’uko bakoze ibiteye ishishi+? Kimwe coco, ntibamaramaye; vyongeye, ntibigeze bamenya no guteterwa ico ari co+. “‘Ku bw’ivyo, bazogwa mu bagwa. Bazotsitara ivyabo nivyarabwa+,’ ni ko Yehova avuze+. Abafilipi 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 kandi iherezo ryabo ni ugutikizwa+, kandi imana yabo ni inda yabo+, ubuninahazwa bwabo na bwo ni ibimaramare+, kandi imizirikanyi yabo iri ku bintu vyo kw’isi+.
14 Itegeko ry’umuntu w’inkerebutsi ni isôko ry’ubuzima+, kugira ngo rikevye umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu+.
9 Uko mu maso habo hameze, harabâgiriza koko+, kandi barahishura igicumuro cabo kimeze nk’ica Sodomu+. Ntibakinyegeje. Baragowe! Kuko bikwegeye ivyago+.
12 Boba baramaramajwe n’uko bakoze ibiteye ishishi+? Kimwe coco, ntibamaramaye; vyongeye, ntibigeze bamenya no guteterwa ico ari co+. “‘Ku bw’ivyo, bazogwa mu bagwa. Bazotsitara ivyabo nivyarabwa+,’ ni ko Yehova avuze+.
19 kandi iherezo ryabo ni ugutikizwa+, kandi imana yabo ni inda yabo+, ubuninahazwa bwabo na bwo ni ibimaramare+, kandi imizirikanyi yabo iri ku bintu vyo kw’isi+.