ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 22:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 “Ntuze ureke umupfumukazi ngo abeho+.

  • Abalewi 19:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 “‘Ntimuze mwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+, kandi ntimuze musiguze abagize umwuga ukubura ibizoba+, ngo muhumanywe na bo. Ndi Yehova Imana yanyu.

  • Abalewi 20:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 “‘Umuntu yitura abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ n’abagize umwuga ukubura ibizoba+ ngo ashurashurane na bo, emwe, nzoshinga igitsure canje uyo muntu, ndamurandure mu bantu b’iwabo+.

  • 1 Samweli 15:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 kuko ubugarariji+ ari cokimwe n’igicumuro c’ukuragura+, kandi ukwitanganiza wita imbere kukaba cokimwe no gukoresha ububasha bw’ivy’amageza na terafimu*+. Ko wanse ijambo rya Yehova+, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami+.”

  • 1 Samweli 28:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi Samweli yari yarapfuye; Isirayeli yose yari yaramuborogeye iraheza imuhamba i Rama igisagara ciwe+. Nayo Sauli, yari yarakuye mu gihugu abavugana n’ibiremwa vy’impwemu be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+.

  • Yesaya 8:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Kandi nibababwira ngo: “Nimwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ canke abafise impwemu y’ukubura ibizoba bajwigira+ bongera bavuga ibintu n’ijwi ritoyi,” mbega igisata ico ari co cose ntigikwiye kwitura Imana yaco+? Mbega abapfuye ni bo umuntu yokwitura ku bw’abazima+?

  • Abaheburayo 3:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Mwiyubare, bene wacu, kugira ngo ntihigere hatsimbatara mu muntu n’umwe muri mwebwe umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika