24 Ku bw’ivyo nababwiye nti+: “Mwebwe muzokwigarurira ubutaka bwabo, nanje nzobubaha mubwigarurire, kikaba ari igihugu gitemba amata n’ubuki+. Ndi Yehova Imana yanyu, uwabashize ku ruhande mu kubatandukanya n’ibindi bisata vy’abantu+.”
6 Kuko uri igisata ceranda kuri Yehova Imana yawe+. Ni wewe Yehova Imana yawe yatoye ngo ube igisata ciwe, inyegu idasanzwe, mu bisata vyose vy’abantu biri ku buringanire bw’ubutaka+.