ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 6:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Na we amubwira ati: “Ntunga Yehova. Nzokirisha Isirayeli iki+? Ehe umuryango wanje* ni wo nkehwa muri Manase, kandi ni jewe ndi mutoyi mu nzu ya dawe+.”

  • Imigani 3:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Abashinyaguzi+ ubwiwe azobatwengera mw’ijigo+; ariko abatekereza azobagirira ubutoni+.

  • Imigani 11:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Ukwita imbere kwaje? Agateterwe kazoza rero+; mugabo ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto+.

  • Imigani 18:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Imbere y’ugusenyuka, umutima w’umuntu urishira hejuru+; kandi imbere y’ubuninahazwa, haba uguca bugufi+.

  • Imigani 22:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Ikiva mu kwicisha bugufi be n’ugutinya Yehova, ni ubutunzi n’ubuninahazwa n’ubuzima+.

  • Luka 14:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru+.”

  • Yakobo 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.”

  • 1 Petero 5:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika