Abacamanza 6:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Na we amubwira ati: “Ntunga Yehova. Nzokirisha Isirayeli iki+? Ehe umuryango wanje* ni wo nkehwa muri Manase, kandi ni jewe ndi mutoyi mu nzu ya dawe+.” Imigani 3:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Abashinyaguzi+ ubwiwe azobatwengera mw’ijigo+; ariko abatekereza azobagirira ubutoni+. Imigani 11:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ukwita imbere kwaje? Agateterwe kazoza rero+; mugabo ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto+. Imigani 18:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Imbere y’ugusenyuka, umutima w’umuntu urishira hejuru+; kandi imbere y’ubuninahazwa, haba uguca bugufi+. Imigani 22:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ikiva mu kwicisha bugufi be n’ugutinya Yehova, ni ubutunzi n’ubuninahazwa n’ubuzima+. Luka 14:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru+.” Yakobo 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.” 1 Petero 5:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.
15 Na we amubwira ati: “Ntunga Yehova. Nzokirisha Isirayeli iki+? Ehe umuryango wanje* ni wo nkehwa muri Manase, kandi ni jewe ndi mutoyi mu nzu ya dawe+.”
12 Imbere y’ugusenyuka, umutima w’umuntu urishira hejuru+; kandi imbere y’ubuninahazwa, haba uguca bugufi+.
11 Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru+.”
6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.”
5 Namwe basore, ni kwo kw’ukwo, muyobokere+ abagabo b’inararibonye. Mugabo mwese mukenyere ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi mu vyo mugiriranira+, kuko Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.